Kw’Izina ry’Imana Nyenikigongwe, Nyenimbabazi

Bismillah Al-Rehman Al-Rehman

 

Anti Ahmadiyya Movement in Islam

 

Kw’Izina ry’Imana Nyenikigongwe, Nyenimbabazi

 

  

Ni mwitondere inyigisho zitangwa n’umuhari

 

 

w’Abahamadiya/ Kadiyani zityoza idini rya Islamu

 

 

 Bavukanyi bacu Baislamu

 

 

Turabasavye cane dushimitse mwitondere inyigisho ziriko zirakwizwa hose n’umuhari w’aba Ahmadiya / Kadiyani zitajanye na buhorobuhoro n’inyigisho z’ukuri z’Idini ryacu  rya Islamu.

 

 

Benewacu Baislamu,

 

Mu kinjana ca  18 n’ica 19, Abongereza barigaruriye  igice kitarigito c’igihugu c’Ubuhindi, barahaba, baba abadandaza, batahira kubatwara ubutegetsi. Muri ico gihe, barahanganye n’utugwi tutari duke tw’Abaislamu baza kubatera. Dutatu muri two twaratsinze, hakaba harimwo umugwi wari warigumuye mu mwaka w’1856 n’umugwi wari urongowe na Syed Ahmed Shaheed.

 

 

Utwo tugwi rero twari  twiyemeje kwomora Abongereza mu cibare c’Abahindi dukuyemwo Abaislamu bamwe bamwe bari  mu batware.

Kugira bashobore kurwanira ijambo ry’Imana babicishije mu ngwano, ari yo twita Jihad. Hashingwa umugwi wo gutohoza no gushikiriza ivyabaye. Uwo mugwi wari ugizwe n’abashingantahe bo mu nama nshingamateka, abamenyeshamakuru abihebeye Imana baje bava i Londres mu (Bwongereza) mu mwaka w’1868. Haciye imyaka ibiri, baciye basubira i Londres (mu Bwongereza) bashikiriza Inama nshingamateka y’Abongereza icegeranyo cerekeye « Ingene Abongereza

 

 

bari bigaruriye igihugu c’Ubuhindi ». Muri ico cegeranyo, basavye yuko hoboneka Intumwa yova i bwami ikarandurana n’imizi umugambi wo kurwanira Ijambo ry’Imana babicishije mu ngwano, ari yo bita Jihad, umaze gutsimbatara mu mitima y’Abaislamu.

 

 

Mu kurangura iryo banga, uwatowe yitwa Mirza Ghulam Ahmad wo kwa kadian, yemezwa n’urwandika  rwari mw’ikete ryarungikiwe Buramatari wa Punjab . Urwo rwandiko rwerekana ko ari umuntu yatowe ,agahembwa n’abategetsi b’Abongereza.

 

 

Mu rundi rwandiko rwarungikiwe Umwamikazi Victoria, igihe bahimbaza imyaka 50 amaze ashinzwe amabanga yo gutwara, yaribukije imirimo Se wiwe yaranguye (ni ukuvuga ibikorwa yakoze) yatanze ingabo 50 zigendera ku farasi ,zifise n’ibirwanisho kugira ngo baje kurwanya Abaislam bagumutse mu mwaka w’1857 .Ukwo rero kwari ukwerekana ko atahemukiye abategetsi b’Abongereza aca abaha n’intererano yiwe y’ibitabo 50.000 ,vyo gukwiragiza mu bihugu vyinshi vy’Abaislam, ivyo bitabo vyigisha ingene « borandurana n’imizi ivyiyumviro biri mu mitima y’Abaislamu vyankisha abantu Jihad ». Ico ni co cari ikimenyamenya c’uko atohemukira abategetsi b’Abongereza..

 

 

Iyo mbuto rero yatewe , yarameze ,irakura, irashinga imizi .Umugambi w’aba Ahmadiya urafise ivyariho (ni ukuvuga ababafasha) bimaze guhangama mu bihugu vyose vy’Abaislamu ,Kw’isi yose. Baratwiyorobekamwo,bagaca ingero ku batware babo mu bihugu bitari bike  vy’Abaislam kuko mu vy’iyumviro vy’Abakadiyani ,twebwe Abaislam tutari kumwe na bo badufata nk’Abakafiri (ni ukuvuga Abahakanyi,batemera Imana). Ubu rero, Abakadiyani ari bo Mirziati canke aba Ahmadiya (kuko ari ingendanyi za Mirza Ghulam Ahmad  wo kwa kadian) barabangamiye cane Abaislamu bose iyo bava bakagera. Bifata nkuko ari urumuri rw’Idini rya Islam. Abaislamu bose tutemera Intumwa Mirza Ghulam Ahmadi kadiani, badufata ko turi abahakanyi kandi ko tutemewe. Baca rero  bihereranya Abaislamu ataco bazi kandi batize ngo bakurikirane neza inyigisho za Islam, bakabazimiza mu kubosha nabi.

 

 

Umuhari w’aba Ahmadiya mu baislamu ni nk’ishirahamwe ryisunga ivya politike n’ukwemera Imana mu kwiyorobeka bakazimiza canecane Abaislamu babayabaye ataco bazi bo mu mihingo myinshi : nko muri Afrika, i Buraya, muri Amerika. Bishinze kuzimiza Abaislamu bo muri Aziya yo hagati, Abaislamu bo mu muri Bosnia, n’abandi.

 

 

Nk’akarorero, mu bice bimwebimwe vya Afrika, hari itegeko ryashinzwe rijanye n’inyigisho za Ahmadiya Tarikah. Muri izo ntara, Abakadianis ari bo ba Ahmadis bazimagiza Abaislamu ataco bazi bakabasigurira ko bari mu mugwi umwe w’abahamadiya, baca binjiza mw’idini rya Islamu mu mugwi w’Abahamadiya Kadiyani abantu bashika 50.000 mu gihungu ca Mali, n’abandu 24.000 mu gihugu ca Kote d’Ivware (Côte d’Ivoire).

 

 

Babahendereje imfashanyo y’amahera n’ibindi babagabira kugira ngo babahume amaso (nko mu kubaha abageni…) Bara*****ura mu kuzimiza Abaislamu bitekerereje ataco bazi.

 

Abo Baislamu bashasha bo muri Afrika. i Buraya no muri  Amerika be n’impunzi z’Aba Bosniake barageramiwe, canecane ku kutamenya ukuri mu vyerekeye umuhari w’Abahamadiya. Kuri bo, ni izindi ncuti z’Abaislamu bungutse.

 

 

Aho rero hadukiye ingendo y’abakomunista no kutakigendara ubuntu  mu bice vy’uburengerazuba, umutima wo kwiyegeka ku Mana waciye ugabanuka mu buzima bw’abantu bo muri ivyo bice, nabo baca bipfuza kwinjira mw’idini ry’Abaislamu.

 

 

Ukuntu rero Idini rya Islamu ririko rirakwira hose mu bice vy’uburengerazuba biteye ubwoba canecane mu ntwaro zaho. Ni mu bihe nk’ibi nyene imbuto yatewe mu myaka irenga 200 ihaye ishinga imizi ubu. Umuhari w’Abahamadiya mu Baislamu waciye uboneraho gukomera. Mubona hari iciza coza gisumba kugira abagenzi muri ivyo bice vy’uburengera zuba ukongera ukaba intumwa kw’izina rya Islamu!!! Uko ukwezi gutashe, bama basohora inzandiko mu ndimi 120 zitandukanye. Ubu na ho, « Television » iboneshereza muri Londres (mu Bwongereza) iheruka gushiraho ibiganiro bijanye n’inyigisho z’abahamadiya vyumvikanira mu makungu biciye ku vyuma vy’Abarusiya bakotesheje, kandi bizimvye cane. Bakeneye amafranga menshi cane mugabo rero izo si ingorane kuri bo kuko batayekenye. Umukadiyani umwumwe wese yama atanga kuva ku vy’ijana 3 gushika kuri 30 vy’itunga ryiwe, bakabiha abashinzwe kwinjiza abandi mw’idini rya islamu,  kugira ngo babe urumuri. Ariko ivyo ntaco bitwaye.

 

Bafashwa n’abakristu hamwe  n’abayahudi, be n’abategetsi babo. Nko mu mwaka w’1989, Abamenyeshamana b’abakristu bo muri Ethiopia basesaguye amadolari ashika ku miliyoni 35 (ni nk’imiliyoni zishika 12.145 z’amafaranga y’amarundi) kugirango basohore bongere bwakwize hose kandi kwa gusa inzandiko z’abakadiyani mu bihugu vyo muri afrika yo mu Burengarazuba. Umuryanngo w’Abayahudi bikorera utwabo wagabiye Mirza Tahir ku musi ahimbaza ivuka ryiwe, inzu yo gucapishirizamwo ibitabo bakabona kubisohora. Uwo Mirza Tahir yari intwarangabo y’Abahmadiya.

 

 

Muvukanyi wacu Mwislamu, dufashe guhindura imitima y’abantu kubera ico caduka kibangamiye inshingiro ry’idini rya Islamu.

 

Dufashe gukwiza hose mu ntara yanyu izo nzandiko kugira tugwanirize hamwe inyigisho z’abahmadiya.

 

 

 

Dr SYED RASHID ALI

 

P.O. BOX 11560

DIBBA ALFUJAIRAH

 

EMIRATS ARABES UNIS

 

rasyed@emirates.net.ae

 

http://alhafeez.org/rashid/

 

 

 

ÊÇÑíÎ ÇáÇÖÇÝÉ: 26-11-2009
ØÈÇÚÉ